Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:14 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Mwihakanye Uwera, Umugororotsi, musaba ko barekura umwicanyi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ariko mweho mwihakana Uwera kand’ Umugororotsi, musaba ko babarekurira umwicanyi,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:14
22 Referans Kwoze  

“Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Mbega hari umuvugishwa n’umwe ba sogokuruza banyu batahamye? Mbere bishe n’abavugishijwe ku kuza kwa wa Umugororotsi. None namwe ubu mwaramugurishije, muramwica,


Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.


Ni ivy’ukuri Herode na Pontiyo Pilato bifatanije n’Abanyamahanga hamwe n’ubwoko bwa Isirayeli bwo muri iki gisagara, kugira ngo bagwanye umusavyi wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta.


Mwaratsindishije abagororotsi murongera murabica, kuko badashobora no kubagwanya.


Maze aravuga ati: ‘Imana ya ba sogokuruza yagutoranirije kumenya ivyo igomba, kubona wa Mugororotsi, no kwumva ijwi ryiwe.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.


Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.


Imana yahinduye icaha uwutigeze acumura ku neza yacu, kugira ngo muri we ducike ukugororoka kw’Imana.


kuko utazorekera umushaha wanje mu kibanza c’abapfuye, canke ngo uze ureke uwera wawe ngo abore.


Nuko aca arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.


Na we aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ububasha bw’Iyisumbavyose bugutwikire. Ni co gituma umwana azovuka azoba uwera, yitwe Umwana w’Imana.


Abakuru b’abaherezi batangura kugumura abantu ngo basabe Pilato abarekurire Baraba mu kibanza ca Yesu.


Hariho umugabo yitwa Baraba yari mw’ibohero kuko we na bagenziwe bagirizwa ubwicanyi mu migumuko.


Ariko abakuru b’abaherezi n’abakuru b’Abayuda, bemeza abantu ko basaba Baraba kugira ngo Yesu abe ari we abambwa.


barihenda ku vy’ukugororoka, kuko ngiye gusubira kwa Data kandi mukaba mutazosubira kumbona.


Barasemerera bati: “Oya, si we dushaka! Turekurire Baraba!” Uwo Baraba yari umugumutsi.


Arababwira ati: “Twari twabihanikirije kutigisha muri iryo zina. Ariko mwakwiragije inyigisho zanyu i Yerusalemu hose, kandi mwamaramaje kutwegekako amaraso y’uwo muntu.”


Naho atacamwagira cari gutuma bamucira urwo gupfa, basavye Pilato kumwicisha.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite