Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Petero abibonye, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli, ni kubera iki ibi bibatangaje? Ni kubera iki muturaba nk’aho umenga ni ubushobozi bwacu canke ukwubaha Imana kwacu kwatumye uwu muntu atambuka?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Petero abibonye, abaza abo bantu, ati Yemwe bagabo b’Abisirayeli, n’iki gitumye mutangazwa n’ibi, muduhangiye amaso iki, nk’ah’ ubushobozi bgacu cank’ ukwubaha Imana kwacu ari vyo vyaduhaye kumugendesha?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:12
15 Referans Kwoze  

Ntitwibaza ko dushoboye gukora ikintu na kimwe ku bw’inkomezi zacu, ariko Imana ni yo idushoboza gukora vyose.


Abo mvuga ni Abisirayeli: Imana yabagize abana bayo, ibahishurira ubwiza bwayo, igiriranira amasezerano na bo, ibaha n’ivyagezwe vyayo. Yabahaye kandi ibakwe ryo kuyisenga ibaha n’amasezerano yayo.


Yemwe Bisirayeli, Yesu w’i Nazareti yari umuntu yashingiwe intahe n’Imana mu bitangaza, utwumiza n’ibimenyetso Imana yamukoresheje muri mwebwe, nk’uko ubwanyu mubizi.


Ndongera nkibaza nti: Mbega Imana yoba yarahevye abantu bayo ari bo Bisirayeli? Haba na mba! Jewe ubwanje ndi Umwisirayeli, uruvyaro rwa Aburahamu, nkaba nkomoka mu muryango wa Benyamini.


Bene Data, buzukuruza ba Aburahamu, namwe Banyamahanga mwubaha Imana, ni twebwe ubu butumwa bw’agakiza bwarungikiwe.


Uwuvuga amajambo yiwe ubwiwe, aba arondera icubahiro ciwe, ariko uwurondera icubahiro c’uwamutumye avuga ukuri, nta binyoma biri muri we.


Kubera ko wa muntu yaguma yumiye kuri Petero na Yohana, abantu bose biruka iyo bari, barundana mw’ibaraza ryitwa Ibaraza rya Salomo, batangaye cane.


Imana ya Aburahamu, ya Isaka n’iya Yakobo, Imana ya ba sogokuruza, ni yo ishimagije umusavyi wayo Yesu, uwo mwatanze ngo yicwe, mukamwihakana imbere ya Pilato, naho we yari yahisemwo kumurekura.


Umwe muri ba bashingantahe aca ambaza ati: “Aba bambaye amakanzu yera ni ba nde kandi bavuye he?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite