Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 3:10 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 bamenya ko ari umwe yahora yicara asegerereza kw’irembo ry’urusengero ryitwa Irembo Ryiza, barumirwa cane, batangazwa n’ivyamubayeko.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 bamenya kw ari we yahora yicara kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza asēgerereza; barumirwa cane, batangazwa n’ibimubayeko.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 3:10
12 Referans Kwoze  

Hari umuntu yaremaye kuva akivuka yama azanwa imisi yose kw’irembo ryitwa Irembo Ryiza kugira ngo asege abaje mu rusengero.


Yesu arabishura ati: “Ntivyavuye ku vyaha vyiwe canke ku vy’abavyeyi biwe, ariko ibi vyabaye kugira ngo ubushobozi bw’Imana bwiyerekanire muri we.


Kuko Se arakunda Umwana akamwereka ivyo ariko arakora vyose. Ndetse azomwereka ibikorwa bikomeye kuruta ibi, kugira ngo mwumirwe.


Abari ngaho bose batangazwa cane n’ububasha bukomeye bw’Imana. Bagitangajwe n’ivyo yari ahejeje gukora, Yesu abwira abigishwa biwe ati:


Nuko bose barumirwa bongera barazazanirwa, babazanya bati: “Mbega ibi ni iki?”


Nuko barabazanya bati: “Aba bantu bose bariko baravuga si Abanyagalilaya?


Abantu bose baratangara cane, babwirana bati: “Ijambo ry’uwu muntu rirakomeye! Rifise ububasha n’inkomezi, kuko n’impwemu mbi na zo arazitegeka zikamwumvira, zigasohoka!”


Abantu baho bamenye ko ari Yesu, baca babimenyesha abantu bo muri ako karere, na bo bamuzanira abarwaye babo.


Ababanyi biwe n’abari bamuzi ari impumyi isegerereza barabaza bati: “Mbega uwu si wa muntu yahora yicara asegerereza?”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite