Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Abantu bo muri iryo zinga babonye ico gikoko yenenena ku kuboko kwiwe, barabwirana bati: “Uwu muntu ategerezwa kuba ari umwicanyi, kuko n’aho yari akize ikiyaga, urubanza rw’Imana ntirumwemereye kubaho.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Abo badebaguzi babonye ico gikōko cenena ku kuboko kwiwe, baravugana, bat’ Uyu muntu ntabuze kuba umwicanyi; kandi naho yakize ikiyaga, Īdaca urwa nkunzi ntimukundiye kw abaho.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:4
20 Referans Kwoze  

Canke mwibaza ko bamwe cumi n’umunani bapfa igihe umunara wabagwako i Silowamu bari abanyavyaha kurusha ababa i Yerusalemu bose?


Yesu arababwira ati: “Mbega mwibaza ko abo bantu b’i Galilaya bababajwe gutyo kubera bari abanyavyaha kurusha abandi Banyagalilaya?


Pawulo aca akunkumurira ico gikoko mu muriro, kandi ubumara bwayo ntibwagira ico bumugira.


Abantu baba kuri iryo zinga batwakirana ubugwaneza budasanzwe, baca baducanira umucanwa kuko imvura yariko iragwa kandi hari hakanye.


Nimureke guca imanza mufatiye ku vyo mubona, nimuce imanza zigororotse.”


Ikizokurikira ni uko ingaruka z’amaraso y’abagororotsi b’ibihe vyose bishwe, uhereye ku mugororotsi Abeli ukageza kuri Zakariya mwene Barakiya uwo mwiciye mu rusengero hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro, zizoba kuri mwebwe.


Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”


Abantu bose barishura bati: “Amaraso yiwe azotwagire twebwe n’abana bacu!”


Maze Pawulo yegeranya umukama w’inkwi agashira ku muriro, haca havamwo inzoka y’ikimata ibabuwe n’umuriro imukomora ku kuboko kandi ikumatako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite