Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:22
14 Referans Kwoze  

Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izotugendera.


Mubikorane umutima utabagiriza ikibi, kugira ngo n’ababavuga nabi bazomaramare babonye ingeso zanyu nziza muri Kristo.


Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nk’uwukurikira ya Nzira, iyo bo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo ivyagezwe vyigisha vyose, hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana.


Nuko Simeyoni arabahezagira, maze abarira Mariya ati: “Uwu mwana ashizweho kugira ngo, muri Isirayeli, abantu benshi bagwe, abandi bavyuke. Azoba ikimenyetso kivuye ku Mana, ariko benshi bazomugwanya.


Koko hategerezwa kuba ukwitandukanya muri mwebwe, kugira ngo abemerwa n’Imana bagaragare.


Baranzi neza kuva kera, kandi bashatse bobishingira intahe ko nabayeho nk’umwe mu Bafarisayo, umuce urusha iyindi mu gushimikira ku migenzo mw’idini ryacu.


Ariko bamwe mu bizera bahora ku ruhande rw’Abafarisayo barahaguruka, bavuga bati: “Abanyamahanga bategerezwa gukebwa no gukurikiza ivyagezwe vya Mose.”


Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari.


Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje ku bwa mwebwe mwese ndabicishije kuri Yesu Kristo, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite