Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Abantu baba kuri iryo zinga batwakirana ubugwaneza budasanzwe, baca baducanira umucanwa kuko imvura yariko iragwa kandi hari hakanye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Abanyamahanga badebagura baratubukabuka bitangaje, baducanira umuriro, batwākīra twese, kubg’ imvura n’imbeho vyāriho.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:2
19 Referans Kwoze  

Ntimwibagire kwakirana urukundo ingenzi, kuko bamwe mu babikoze bakiriye abamarayika batabizi.


Aha ntihaba hakiri Umugiriki canke Umuyuda, uwakebwe canke uwutakebwe, uwateye imbere canke uwutaratera imbere, umugurano canke uwidegemvya, ariko ni Kristo ari vyose kandi ari muri bose.


Kuko ntegerezwa kwitaho bose, abateye imbere n’abadateye imbere, abize n’abatize.


Narakoze cane ndaruha, rimwe na rimwe nkarara maso. Narashonje ndanyoterwa, mfata ingendo ntagira imfungurwa, nicwa n’imbeho, ngenda gusa.


Abantu bo muri iryo zinga babonye ico gikoko yenenena ku kuboko kwiwe, barabwirana bati: “Uwu muntu ategerezwa kuba ari umwicanyi, kuko n’aho yari akize ikiyaga, urubanza rw’Imana ntirumwemereye kubaho.”


None rero, ntaronse insiguro y’ivyo mbariwe noba ndi umunyamahanga kuri uwo ambarira, kandi na we nyene yoba ari umunyamahanga kuri jewe.


Nihagira umuntu aha umuntu mutoya mu bigishwa banje igikombe c’amazi apfutse kuko ari umwigishwa wanje, ndababwije ukuri ko atazobura kubihererwa impera.”


Ku musi ukurikira twururukira i Sidoni. Pawulo agira ikiganza ciza kuri Yuliyo, amwemerera kuja ku bagenzi biwe kugira ngo bamufashe mu vyo akeneye.


Mu vy’ukuri, abanyamahanga batakebwe, ariko bagakora ivyo ivyagezwe vy’Imana bivuga, bazotuma mutsindwa n’urubanza mwebwe Abayuda mwakebwe kandi mufise Ivyanditswe ariko ntimuvyumvire.


Kubera hari hakanye, abakozi n’abarinzi baciye bacana umuriro, bahagarara i ruhande yawo bota. Petero na we nyene ahagararana na bo yota.


Maze Pawulo yegeranya umukama w’inkwi agashira ku muriro, haca havamwo inzoka y’ikimata ibabuwe n’umuriro imukomora ku kuboko kandi ikumatako.


Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza.


Uwushobora kurya indya zose, ntakwiye gukengera uwutarya zose, kandi uwutarya indya zose, ntakwiye gukengera uwurya zose, kuko na we nyene Imana yaramwakiriye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite