Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Bamaze gutohoza neza ivyanje, bipfuza kundekura kuko ata kibi na kimwe canyagira cari gutuma nicwa.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Na bo bamaze kuncunaguza, bashaka kundekura, kukw ata nyanduruko yambonetseko yo kunyicisha.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:18
8 Referans Kwoze  

Nca nsanga bamwagiriza ibijanye n’ivyagezwe vyabo, ariko nta co nasanze kimwagira cotuma ashirwa mw’ibohero canke ngo yicwe.


Maze Felisi, yari asanzwe azi neza ivy’Inzira y’Umwami Yesu, aca yungururiza urubanza ku rindi sango, avuga ati: “Lusiyasi umukuru w’abasoda niyaza nzoheza ndabacire urubanza.”


Wa mukuru w’intara ahaye ijambo Pawulo ngo avuge, yiregura avuga ati: “Ndazi ko haheze imyaka myinshi ucira imanza abo muri iki gihugu; ni co gituma nezerejwe no kwiregura imbere yawe.


Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.


Ariko jewe nasanze ata kintu na kimwe yakoze cotuma yicwa, ariko kubera yamaze gusaba kwungururizwa kwa Kayisari, nahisemwo kuzomurungika i Roma.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite