Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 28:16 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Dushitse i Roma, Pawulo ahabwa uruhusha rwo kuba mu nzu ya wenyene, ari kumwe n’umusoda amucunze.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Tumaze gushika Roma, umugabisha w’abasoda ijana ashikiriza imbohe umugabisha w’abasoda bahora bashibama kwa Kayisari: ariko bakundira Paulo kuba ukwiwe, ari kumwe n’umusoda amurinda.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 28:16
18 Referans Kwoze  

Ku musi ukurikira twururukira i Sidoni. Pawulo agira ikiganza ciza kuri Yuliyo, amwemerera kuja ku bagenzi biwe kugira ngo bamufashe mu vyo akeneye.


Nuko ategeka umukuru w’abasoda ijana kuguma arinze Pawulo, ariko amuhe umwidegemvyo kandi yemerere n’abagenzi biwe kumufasha mu vyo yokenera.


Urya mugore wabonye ni igisagara gihambaye kiganza abami bo kw’isi.”


Gutahura ibi bisaba umutima w’ubwenge: Arya mahembe indwi ni imitumba indwi uwo mugore yicayeko, kandi yerekana kandi abami indwi.


Ariko kubera wa mukuru w’abasoda ijana yashaka gukingira Pawulo, ababuza kubikora. Aca ategeka ko abazi kwoga bobanza bagasimbira mu mazi bagashika impore i musozi.


Maze Pawulo abwira wa mukuru w’abasoda ijana ati: “Abo batagumye mu bwato ntimushobora kurokoka.”


Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Aho hari Umuyuda yitwa Akwilasi, imvukira y’i Ponto, yari aheruka kuva mu Butaliyano ari kumwe n’umugore wiwe Pirisila, kuko Kayisari Kilawudiyo yari yategetse ko Abayuda bose birukanwa i Roma. Maze Pawulo aca aja kubarondera.


i Furugiya, i Pamfiliya, muri Egiputa no mu gice ca Libiya cegereye Kurene, n’abavuye i Roma


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite