Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko tumara imisi itari mike tugenda bukebuke, dushika i Kinido bitugoye cane. Umuyaga utubujije kubandanya, duca tugenda twegereye uruhande rw’izinga rya Kirete rurabana n’i Salumone kugira ngo twikingire umuyaga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Tumaze imisi myinshi tugenda buhoro, dushika hafi y’i Kinido bitugoye cane, maz’ umuyaga utubujije duca musi y’i Kirete, imbere y’i Salumone, ngo tuhikinge umuyaga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:7
6 Referans Kwoze  

Haheze igihe abantu ata co barya, Pawulo ahagarara imbere yabo aravuga ati: “Bagenzi, mwari mukwiye kunyumviriza, mukareka kuva i Kirete. Gutyo mwari kuba mwirinze aka kaga n’uru ruhombo.


N’umwe mu bavugishwa babo yaravuze ati: “Abanyakirete bama babesha: ni ibikoko vy’inkazi, ni ibinebwe n’abakunzi b’inda.”


Icatumye ndagusiga i Kirete kwari kugira ngo utunganye ibitari bwatungane, wongere ugene abarongozi b’ishengero mu bisagara vyose nk’uko nari nabikweretse.


(bagizwe n’Abayuda n’abinjiye mw’idini ry’Abayuda), Abanyakirete, n’Abarabu. Kandi twese turabumva bavuga ibitangaza vy’Imana mu ndimi z’iwacu.”


Tuvuye aho, duca tugendera hafi y’izinga rya Kupuro kugira ngo twikingire umuyaga kuko wari uduturutse imbere.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite