Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Wa mukuru w’abasoda ijana aca asanga hari ubwato bwo muri Alegizanderiya buja mu Butaliyano, aca arabutwuriza.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Uwo mugabisha w’abasoda ijana ahasanga ubgato buvuye muri Alekisanderiya buja muri Italiya, adushiramwo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:6
5 Referans Kwoze  

Tuhamaze amezi atatu, duca twurira ubwato bwava muri Alegizanderiya bwari bwabujijwe kubandanya urugendo n’igihe c’imbeho nyinshi cane. Umutwe wabwo wariko ikimenyetso c’ibigirwamana vy’amahasa bibiri vyitwa Kasitori na Polugisi.


Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.


Ico gihe Umuyuda yitwa Apolo, yari yavukiye muri Alegizanderiya, ashika muri Efeso. Yari umuntu azi kuvuga neza, kandi yari afise ubumenyi bwinshi mu Vyanditswe Vyera.


Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.


Aho hari Umuyuda yitwa Akwilasi, imvukira y’i Ponto, yari aheruka kuva mu Butaliyano ari kumwe n’umugore wiwe Pirisila, kuko Kayisari Kilawudiyo yari yategetse ko Abayuda bose birukanwa i Roma. Maze Pawulo aca aja kubarondera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite