Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Tumaze kurengana akarere kari hagati ya Kilikiya na Pamfiliya, duca twururukira i Mura muri Lukiya.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Tujabutse ikiyaga gihereranye n’i Kilikiya n’i Pamfiliya, dufata mu gisagara c’i Lukiya citwa Mura.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:5
9 Referans Kwoze  

Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.


Bavuye i Pafo, Pawulo n’abo bari kumwe baca bafata ubwato baja i Pamfiliya ahitwa Peruga, Yohana Mariko aca abasigaho asubira i Yerusalemu.


Mvuye aho, naciye nja mu ntara za Siriya na Kilikiya.


“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


Pawulo arishura ati: “Ndi Umuyuda w’i Taruso muri Kilikiya, umunyagisagara kidasanzwe. Ndakwinginze unyemerere ngire ico mbwira aba bantu.”


Aca agendagenda muri Siriya no muri Kilikiya, akomeza amashengero yaho.


ariko Pawulo we abona ko bitabereye ko bojana kuko yigeze kubata i Pamfiliya, ntiyabandanyana na bo mu gikorwa.


Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.


i Furugiya, i Pamfiliya, muri Egiputa no mu gice ca Libiya cegereye Kurene, n’abavuye i Roma


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite