Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Tuvuye aho, duca tugendera hafi y’izinga rya Kupuro kugira ngo twikingire umuyaga kuko wari uduturutse imbere.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Tuvudukayo, duca musi y’i Kupuro ngo tuhīkinge umuyaga, kuko war’ uduturutse imbere.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:4
10 Referans Kwoze  

Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura),


Nuko tumara imisi itari mike tugenda bukebuke, dushika i Kinido bitugoye cane. Umuyaga utubujije kubandanya, duca tugenda twegereye uruhande rw’izinga rya Kirete rurabana n’i Salumone kugira ngo twikingire umuyaga.


Bamwe mu bigishwa b’i Kayisariya baraduherekeza badushikana kwa Munasoni, aho twategerezwa kurara. Uwo Munasoni yava i Kupuro kandi yari umwe mu ba mbere bizeye Kristo.


Dushitse hafi y’izinga Kupuro, turisiga i bubamfu, tugenda dutumbereye i Siriya, maze dushika i Tiro, aho ubwato twarimwo bwategerezwa kwururukiriza ivyo bwari butwaye.


Nuko haba ukutumvikana gukomeye, bituma batandukana. Baranaba ajana na Mariko, bafata ubwato baja i Kupuro.


Nuko baragenda batumwe na Mpwemu Yera, bamanuka i Seluwukiya, baca bafata ubwato buja mw’izinga rya Kupuro.


Akiri aho, abona ko abigishwa biwe bafise ingorane nyinshi mu gusoza kuko umuyaga waza ubaturutse imbere. Ijoro ryitereye bugiye guca, aza aho bari, agendagenda ku mazi, asa n’uwugira abarengane.


Ubwato bumaze kugenda urugendo rutari ruto buva ku nkengera, haza umuyaga ubaturutse imbere, maze buzungazungishwa n’imipfunda iteye ubwoba.


Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.” Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite