Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Muri iri joro nyene, umumarayika w’Imana nitirirwa kandi nkorera, yampagaze i ruhande

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:23
41 Referans Kwoze  

Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?


Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.


Ariko mw’ijoro, umumarayika w’Umwami Imana yugurura imiryango y’ibohero, arabasohora.


Imana nkorera n’umutima wanje wose mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Umwana wayo, ni yo cabona ko ntahengeshanya kubibuka


Umusi umwe hari mw’ijoro, Umwami Imana abarira Pawulo mu ndoto ati: “Ntutinye! Bandanya uvuga, ntucereze,


Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.


Maze umumarayika w’Umwami Imana abarira Filipo ati: “Va hasi ufate inzira ija mu bumanuko, iva i Yerusalemu ija i Gaza, imwe batagicamwo.”


Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”


Jewe Pawulo, umukozi w’Imana n’intumwa ya Yesu Kristo ku bw’ukwizera kw’abatoranijwe n’Imana n’ukumenya ukuri gushikana ku kugororoka,


Kandi umukozi w’Imana ntaharira, ahubwo agira ubugwaneza kuri bose, ashoboye kwigisha, yihanganira abanyabihari.


Ndashima Imana nkorera n’umutima wanje wose nk’uko ba sogokuruza bayikorera. Nama nkwibuka iyo nsenga ijoro n’umutaga.


kuko mwaguzwe igiciro kinini. Nuko rero mwubahishe Imana imibiri yanyu.


Ubu rero ko mwabohotse mutakiganzwa n’icaha, mwahindutse abagurano b’Imana, inyungu yanyu ni ubuzima bwiyeguriye Imana, kandi ivyo bibashikana ku bugingo budashira.


Ndabandikiye jewe Pawulo, umugurano wa Kristo Yesu, nahamagariwe kuba intumwa, ntoranirizwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana,


Maze wa mukobwa akurikira Pawulo n’abo twari kumwe bose, asemerera ati: “Aba bantu ni abakozi b’Imana Musumbavyose, baje kubabwira inzira ibashikana ku gakiza.”


Ariko, kubera Herode atahesheje Imana icubahiro, akemera ko abantu bamuninahaza, ubwo nyene umumarayika aca aramukubita, aribwa n’inyo, aca arapfa.


Umuntu wese ashaka kuba umwigishwa wanje ategerezwa kunkurikira, kuko umukozi wanje ategerezwa kuba aho ndi. Kandi Data azoha icubahiro umuntu wese ankorera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite