Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:15 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Maze ubwato butangirwa n’umuyaga, ntivyakunda ko bubandanya. Duca turareka umuyaga udutwara iyo ushaka.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ubgato bumaze guhehwa, butagishobora gutumbera umuyaga, turabureka burakubebga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:15
4 Referans Kwoze  

Canke reka dufate akarorero ku bwato. Naho bwoba bunini gute kandi bukubebwa n’imiyaga ikomeye, ingafe ntoya ni yo ibutumbereza iyo uwubuyobora ashaka.


Mw’ijoro ry’umusi ugira cumi na kane, twari tugikubebwa n’umuyaga mu kiyaga ca Adiriyatiko. Nko mu gicugu, abagendesha ubwato bumva ko umenga turegereje umusozi.


Tutarashika kure, haduka igihuhusi gikomeye citwa Ewulakuloni kiza giturutse kuri iryo zinga.


Duca tugenda twegereye izinga rito ryitwa Kawuda kugira ngo dushobore kwikinga umuyaga, twiyegereza akato ko kwifashisha mu gihe c’impanuka bitugoye cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite