Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 27:1 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bamaze gushinga ngo tujabuke tuje muri Italiya, Paulo n’izindi mbohe babaha umugabisha w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, wo mu ngabo za Augusito.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 27:1
29 Referans Kwoze  

Ariko jewe nasanze ata kintu na kimwe yakoze cotuma yicwa, ariko kubera yamaze gusaba kwungururizwa kwa Kayisari, nahisemwo kuzomurungika i Roma.


Fesito amaze gukebukana n’abajanama biwe, aca avuga ati: “Ko witwaye kwa Kayisari, uzoburanira kwa Kayisari.”


I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.


Ariko wa mukuru w’abasoda ijana aho kwumviriza Pawulo, yumviriza uwugendesha ubwato na nyenebwo.


Aho hari Umuyuda yitwa Akwilasi, imvukira y’i Ponto, yari aheruka kuva mu Butaliyano ari kumwe n’umugore wiwe Pirisila, kuko Kayisari Kilawudiyo yari yategetse ko Abayuda bose birukanwa i Roma. Maze Pawulo aca aja kubarondera.


Mundamukirize abarongozi banyu bose n’abizera bose. Abizera bo mu Butaliyano barabaramutsa.


Dushitse i Roma, Pawulo ahabwa uruhusha rwo kuba mu nzu ya wenyene, ari kumwe n’umusoda amucunze.


Ariko kubera wa mukuru w’abasoda ijana yashaka gukingira Pawulo, ababuza kubikora. Aca ategeka ko abazi kwoga bobanza bagasimbira mu mazi bagashika impore i musozi.


Wa mukuru w’abasoda ijana aca asanga hari ubwato bwo muri Alegizanderiya buja mu Butaliyano, aca arabutwuriza.


Nuko ategeka umukuru w’abasoda ijana kuguma arinze Pawulo, ariko amuhe umwidegemvyo kandi yemerere n’abagenzi biwe kumufasha mu vyo yokenera.


Pawulo aca abarira umwe mu bakuru b’abasoda ijana ati: “Jana uwu musore ku mukuru w’abasoda; arafise ico agomba kumubwira.”


Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Na we avyumvise aca aja kuri wa mukuru wabo amubwira ati: “Mbega ubigenza gute? Erega wa mugabo ni Umuroma.”


Aca akoranya bamwe mu batwara imigwi y’abasoda ijana n’abo batwara, baca banyuragirana hagati mu bantu. Abariko batera imigumuko babonye uwo mukuru w’abasoda n’ingabo ziwe, baca barahagarika gukubita Pawulo.


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Pawulo amaze kwerekwa ivyo, duca turitegura ubwo nyene tuja i Makedoniya, kuko twari dutahuye neza ko Imana iduhamagariye kuja kuvugayo Ubutumwa Bwiza.


Ba bantu barishura bati: “Turungitswe na Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana. Ni umugororotsi yubaha Imana, ashingirwa intahe n’ubwoko bw’Abayuda bwose. Umumarayika yamubwiye ngo agutumeko iwe kugira ngo yumve ivyo uri bumubwire.”


Umusoda mukuru w’Umuroma yari aho abonye ibibaye, aca ashima Imana avuga ati: “Ni ukuri, uwu muntu yari intungane.”


Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari arwaye, ari hafi yo gupfa.


Umusoda mukuru w’Umuroma hamwe n’abasoda yari arongoye mu gucunga Yesu, babonye ukunyiganyiga kw’isi hamwe n’ibibaye vyose, bafatwa n’ubwoba bwinshi, bavuga bati: “Ni ukuri uwu yari Umwana w’Imana!”


Tumaze kurokoka impore i musozi, tumenya ko iryo zinga ryitwa Malita.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite