Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Nanje ubwanje nahora niyumvira ko nkwiye gukora ibishoboka vyose ngo ngwanye izina rya Yesu Umunyenazareti.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nanje ubganje nahora niyumvira muri jewe yuko nkwiye gukora vyinshi birwanya izina rya Yesu Umunyanazareti.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:9
16 Referans Kwoze  

Naho nabanje kumuvugako ibibi, ngahama ishengero, nkaba umucokoranyi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, no mu kutizera.


Nanje ndabaza nti: ‘Uri nde ga Mwami?’ Rya jwi riranyishura riti: ‘Ndi Yesu w’i Nazareti, uwo uriko urahama.’


ku vyerekeye ishaka, nahama ishengero, kandi ku vyerekeye ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, nta mugayo wambonekako.


Ndashobora gushinga intahe yuko bafise ishaka ryinshi mu vy’Imana, ariko iryo shaka ryabo ntirihagaze ku bumenyi nyakuri.


Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari kw’isi yose akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti,


Pawulo aratwishura ati: “Ni kuki murira, mumbabariza umutima? Siniteguriye kubohwa gusa, ahubwo niteguriye no gupfira i Yerusalemu ku bw’izina ry’Umwami Yesu.”


Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.”


Ariko Petero aravuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, va hasi utambuke!”


Ivyo bazobibakorera kubera jewe, kuko batazi uwantumye.


None rero bavukanyi, ndazi ko mwabikoze mu kutamenya, co kimwe n’abatware banyu.


Ico gihe Sawuli yari acuzuye inzigo, ahiga kwica abigishwa b’Umwami Yesu. Nuko aja ku muherezi mukuru,


“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


Nahama abakurikira inzira y’Umwami Yesu gushika naho bamwe bapfa, ngafata abagore n’abagabo nkabata mw’ibohero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite