Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:24 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ageze aho, Fesito aca amuciramwo asemerera ati: “Erega Pawulo wasaze! Ivyigwa vyinshi wize vyaragusarishije.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Aciregura artyo, Fesito avuga n’ijwi rirenga, at’ Erega Paulo urasaze; ubgenge bgawe bginshi buragushajije.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:24
19 Referans Kwoze  

Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.


Nimba tuboneka nk’ibijuju, ni ukugira ngo duheshe Imana icubahiro. Ariko nimba tuboneka nk’abanyabwenge, ni ku neza yanyu.


Turi ibijuju ku bwa Kristo, ariko mweho mwigira abanyabwenge muri Kristo. Turi abanyantegenke, ariko mweho mwigira abanyenkomezi. Muri abanyacubahiro, ariko twebwe turakengeretse.


Abo mu muryango wiwe bavyumvise, baja kumufata, kuko bivuga bati: “Yasaze.”


Kenshi nava mw’isinagogi nja mu yindi nkabakubitisha, nkabategeka gutuka izina rya Yesu. Muri iryo pfuhe nyeneryo kubagwanya, nashitse no mu bisagara vyo mu mahanga kubahamirayo.


Bumvise ivyo kuzuka kw’abapfuye, bamwe baritwengera, ariko abandi bavuga bati: “Tuzosubira kukwumviriza kuri ivyo ikindi gihe.”


Pawulo ariko aravuga ku vy’ukugororoka, ku vy’ukwirinda no ku ivy’urubanza rugiye kuza, Felisi aca aratinya, aca amubwira ati: “Niwigire, ivyo biramaze. Ninaronka akandi karyo keza nzosubira ndagutumeko.”


Arababwira ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimwumvirize ukwiregura kwanje.”


Abayuda bumvise ayo majambo baramubwira bati: “Ubu rero turatahuye neza ko uboshwe n’umudayimoni! Yaba Aburahamu canke abavugishwa n’Imana barapfuye, none wewe uvuze ngo: ‘Umuntu wese yumvira amajambo yanje ntazokwigera apfa!’


Abayuda baramwishura bati: “Ntitwihenze aho twavuga ko uri Umusamariya kandi ko uboshwe n’umudayimoni!”


Abayuda bamwumvise baratangara, barabaza bati: “Uwo mugabo azi vyinshi cane kandi atize. Ivyo bishoboka gute?”


Haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porukiyo Fesito, ariko kubera Felisi yagomba kunezereza Abayuda, asiga adakuye Pawulo mw’ibohero.


Wamenye Ivyanditswe Vyera kuva ukiri umwana, na vyo biguha kugira ubwenge bwo kwakira agakiza kabonerwa mu kwizera Kristo Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite