Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 26:2 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 “Mwami Agiripa, ngiriwe ubuntu bwo guhagarara imbere yawe uno musi, niregura ku vyo nagirizwa n’Abayuda,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 at’ Ivyo narezwe n’Abayuda vyose, mwami Agiripa, numva nnezerewe kw ari wewe ngira mvyiregureko uyu musi:

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 26:2
10 Referans Kwoze  

Nibabashengeza mu masinagogi, imbere y’abatware n’abategetsi, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzokwireguza canke muzovuga.


Agiripa na we abarira Pawulo ati: “Urahawe uburenganzira bwo kwiregura.” Pawulo aca aramvura ukuboko, atangura kwiregura, avuga ati:


na canecane ko wewe usanzwe uzi neza imigenzo y’Abayuda n’impari zabo. None rero ndakwinginze unyumvirize wihanganye.


Ivyo ni vyo imiryango yacu cumi n’ibiri yiteze kubona bishika; ni co gituma bakorera Imana n’umwete mwinshi ijoro n’umurango. Kandi ga mwami, ivyo vyizigiro nyene ni vyo bituma Abayuda banshengeza.


Nibabafata, ntimuze muhagarikwe imitima n’ivyo muzovuga n’uburyo muzobivuga. Ako kanya nyene, muzohabwa ivyo mukwiye kuvuga,


Ariko imbere y’uko ivyo bishika, bazobahama, babafate, babatware mu masinagogi no mu mabohero, babarengutse imbere y’abami n’abatware babahora izina ryanje.


Ariko nabuze ikintu gifadika nandikira Kayisari cerekeye uwu muntu. Ni co gituma namuzanye ngaha imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe mwami Agiripa, kugira ngo tumaze gutohoza ivyiwe, ndonke ico nandikira Kayisari.


None rero Mwami Agiripa, numviye ivyo neretswe bivuye mw’ijuru.


Ibi umwami asanzwe abizi. Ibi ndiko ndabivuga nshize ubwoba kuko ndazi ko na we nyene abizi, kuko ntivyakorewe mu kinyegero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite