Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Kubera Fesito yagomba gushimisha Abayuda, aca abaza Pawulo ati: “Uriteguye kuduga i Yerusalemu kugira ngo uburanire imbere yanje hariya?”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Fesito agomvye kwikundiriza Abayuda, abaza Paulo, ati Wokwemera kudūga i Yerusalemu gucirirway’ urubanza rw’ivyo mu maso yanje?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:9
5 Referans Kwoze  

Haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porukiyo Fesito, ariko kubera Felisi yagomba kunezereza Abayuda, asiga adakuye Pawulo mw’ibohero.


Jewe sinabona uko noca urwo rubanza, ni co gituma nasavye ko Pawulo yoja i Yerusalemu kugira ngo uburanire yo kuri ivyo bamwagiriza.


Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro.


Mu ntumbero yo kunezereza abantu benshi bari aho, Pilato arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.


Maze binginga Fesito ngo abashimishe yimurire Pawulo i Yerusalemu, kuko bategura kumutegerera mu nzira ngo bamwice.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite