Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Pawulo arengutse, Abayuda bari bamanutse bava i Yerusalemu baramukikuza, bamwagiriza ivyaha bihambaye badashobora kuronkera ivyemezo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Na we ashitse, Abayuda bamanutse bavuye i Yerusalemu baramukikiza, bamurega ibirego vyinshi bikomeye, ivyo badashobora kuronkera icagiriza.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:7
16 Referans Kwoze  

Aba bantu ntibashobora kwerekana ivyemeza ivyo bariko baranyagiriza.


Fesito avuga ati: “Mwami Agiripa, namwe mwese mukoraniye ngaha, murabona uwu mugabo! Abayuda bose baranyitwayeko bambwira ivyiwe haba i Yerusalemu canke ngaha i Kayisariya, basemerera ko adakwiye kwongera kubaho.


Abakuru b’aherezi n’abigisha b’ivyagezwe bari bahagaze ngaho, bamwagiriza bashimitse.


batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”


Barasemerera bati: “Yemwe Bisirayeli, dutabare! Uwu ni wa mugabo agenda arigisha abantu bose aho aciye hose, atyoza ubwoko bwacu, ivyagezwe n’uru rusengero. Ikigeretseko, yazanye Abagiriki mu rusengero, ahumanya iki kibanza cera.”


Hanyuma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bava i Yerusalemu baja iyo Yesu ari, baramubaza bati:


mu kugerageza kutubuza kwigisha Abanyamahanga kugira ngo bakizwe. Mu gukora ivyo, birundanirizako ivyaha. Ariko uburake bw’Imana bwabashitseko.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite