Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Fesito arabishura ati: “Pawulo apfungiwe i Kayisariya, kandi nanje ndi mu gusubirayo vuba.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ariko Fesito abishura yuko Paulo arindirwa i Kayisariya, kand’ ubgiwe kw agiye kujayo vuba.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:4
8 Referans Kwoze  

Nuko ategeka umukuru w’abasoda ijana kuguma arinze Pawulo, ariko amuhe umwidegemvyo kandi yemerere n’abagenzi biwe kumufasha mu vyo yokenera.


Filipo aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.


Haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porukiyo Fesito, ariko kubera Felisi yagomba kunezereza Abayuda, asiga adakuye Pawulo mw’ibohero.


Inyuma y’imisi itatu Fesito ashitse i Kayisariya, aca aduga i Yerusalemu,


Nihagire bamwe mu barongozi banyu baza tujane, bamwagiririze hariya, nimba hari ikibi yakoze.”


Nuko amarana na bo imisi umunani hanyuma asubira i Kayisariya. Ku musi ukurikira, akoranya abacamanza, maze arengutsa Pawulo.


Haheze imisi mike umwami Agiripa ashika i Kayisariya ari kumwe na Berenise baje gukeza Fesito.


Nababwiye ko bitari mu migenzo y’Abaroma gucira urubanza umuntu adahawe umwanya wo kuburana n’abamwitwariye ngo aronke akaryo ko kwiregura ku vyo bamwagiriza.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite