Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:25 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ariko jewe nasanze ata kintu na kimwe yakoze cotuma yicwa, ariko kubera yamaze gusaba kwungururizwa kwa Kayisari, nahisemwo kuzomurungika i Roma.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Ariko nsanga ntiyakoze igikwiye kumwicisha, kand’ ubgiwe agomvye kwitwara kuri Augusito, ngabira kumumurungikira.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:25
11 Referans Kwoze  

Nca nsanga bamwagiriza ibijanye n’ivyagezwe vyabo, ariko nta co nasanze kimwagira cotuma ashirwa mw’ibohero canke ngo yicwe.


Maze urwamo ruba rwinshi, hanyuma bamwe mu bigisha b’Ivyagezwe b’Abafarisayo bava hasi bavuga bashize amanga bati: “Uwu muntu twebwe tubona ata caha kimwagira. Nta wubizi, yoba yavuganye n’impwemu canke n’umumarayika!”


Pilato aca abarira abakuru b’abaherezi n’isinzi ry’abantu bari aho bose ati: “Uwu muntu simbona ikimwagira.”


Bavuye muri iyo sentare, bagenda baraganira, bavuga bati: “Uwu muntu nta co yakoze cotuma yicwa canke ngo ashirwe mw’ibohero.”


Pilato aramubaza ati: “Ukuri ni iki?” Ahejeje kuvuga ivyo, aca arasohoka aja aho Abayuda bari bakoraniye, ababwira ati: “Nta kintu na kimwe kimwagira.


ababwira ati: “Mwanzaniye uwu muntu muvuga ko yateye imigumuko, ariko namusambishirije imbere yanyu, nta caha camwagiriye.


Ariko nabuze ikintu gifadika nandikira Kayisari cerekeye uwu muntu. Ni co gituma namuzanye ngaha imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe mwami Agiripa, kugira ngo tumaze gutohoza ivyiwe, ndonke ico nandikira Kayisari.


Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.


Bamaze gutohoza neza ivyanje, bipfuza kundekura kuko ata kibi na kimwe canyagira cari gutuma nicwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite