Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 25:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Fesito amaze gukebukana n’abajanama biwe, aca avuga ati: “Ko witwaye kwa Kayisari, uzoburanira kwa Kayisari.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Fesito amaze kuja inama n’abanyekombe, aramwishura, ati K’ugomvye kwitwara kuri Kayisari, imbere ya Kayisari ni ho uzoja.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 25:12
17 Referans Kwoze  

Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramazwa, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.


Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Dushitse i Roma, Pawulo ahabwa uruhusha rwo kuba mu nzu ya wenyene, ari kumwe n’umusoda amucunze.


Agiripa abarira Fesito ati: “Iyaba atari yaramaze kwungururiza kwa Kayisari, yaca arekurwa.”


Ariko Pawulo asavye ko yokwungururiza kwa Kayisari, naciye ntegeka ko aguma apfungiwe ngaha gushika ndamurungitse.”


Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


None rero tubwire ico wiyumvira: Mbega ivyagezwe vyacu biratwemerera gutanga ikori rya Kayisari, canke ntibibitwemerera?”


Nimba hari icaha na kimwe kinyagira cotuma nicwa, sinanse gupfa. Ariko nimba ivyo bariko baranyagiriza atari vyo, nta n’umwe afise uburenganzira bwo kundekurira kuri aba Bayuda. Nsavye kwungururiza kwa Kayisari.”


Haheze imisi mike umwami Agiripa ashika i Kayisariya ari kumwe na Berenise baje gukeza Fesito.


Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Yuliyo, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite