Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:5 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari kw’isi yose akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti,

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:5
32 Referans Kwoze  

Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”


Ariko ndemera ko nsenga Imana ya ba sogokuruza nk’uwukurikira ya Nzira, iyo bo bise idini ry’ubuzimire. Nizera ibihwanye n’ivyo ivyagezwe vyigisha vyose, hamwe n’ivyanditswe mu bitabu vy’abavugishwa n’Imana.


Baranzi neza kuva kera, kandi bashatse bobishingira intahe ko nabayeho nk’umwe mu Bafarisayo, umuce urusha iyindi mu gushimikira ku migenzo mw’idini ryacu.


Ariko bamwe mu bizera bahora ku ruhande rw’Abafarisayo barahaguruka, bavuga bati: “Abanyamahanga bategerezwa gukebwa no gukurikiza ivyagezwe vya Mose.”


Iyo batuvuze nabi, twishurana ubugwaneza. Gushika n’ubu dufatwa nk’umwavu wo kw’isi, ivyatawe na bose.


Barasemerera bati: “Yemwe Bisirayeli, dutabare! Uwu ni wa mugabo agenda arigisha abantu bose aho aciye hose, atyoza ubwoko bwacu, ivyagezwe n’uru rusengero. Ikigeretseko, yazanye Abagiriki mu rusengero, ahumanya iki kibanza cera.”


Maze umuherezi mukuru n’abo bari bafadikanije, bari mu muce b’Abasadukayo, babagirira ishari.


batangura kumurega bavuga bati: “Uwu muntu twasanze ariko aragumura abantu bo mu bwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, kandi yigira Kristo, umwami.”


Kuko Imana inezerezwa no kubona mukora ibigororotse kandi mwihanganira imibabaro iyo murenganywa muzira kuyubaha.


Koko hategerezwa kuba ukwitandukanya muri mwebwe, kugira ngo abemerwa n’Imana bagaragare.


Gushika kuri ayo majambo, abantu bari bakiriko baramwumviriza. Maze baca batangura gushira urwamo hejuru bati: “Mukure kw’isi! Uwo ntakwiye kubaho!”


Baca bazana ibindi vyabona vy’ibinyona, bivuga bati: “Uwu mugabo yama atuka urusengero rwera n’amabwirizwa ya Mose.


Nuko aca arekura wa mugabo yari apfunzwe yagirizwa imigumuko n’ubwicanyi, uwo bari basavye ko yobarekurira, hanyuma abaha Yesu ngo bamukoze ico bashaka.


(Uwo Baraba yari yatawe mw’ibohero yagirizwa umugumuko wari wabaye mu gisagara hamwe n’ubwicanyi.)


Ariko barushiriza kuvuga bati: “Agumura abantu i Yudaya hose biciye mu nyigisho ziwe. Yatanguriye i Galilaya none raba ashitse n’ino i Yerusalemu.”


Umwigishwa akwiye kugera ku rugezo rw’umwigisha wiwe, kandi umukozi akwiye kugera ku rugezo rwa shebuja. Nimba umukuru w’inzu bamwise Beyelizebuli, mbega abo mu nzu yiwe ntibazorushiriza kubita gutyo!


baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


“Yesu w’i Nazareti, uturonderako iki? Uzanywe no kuduhonya? Ndazi uwo uri we. Uri Uwera w’Imana!”


Ariko ntiriwe ndakwicisha amajambo, ndakwinginze utugirire ubuntu utwumvirize akanya gato.


Pawulo arengutse, Abayuda bari bamanutse bava i Yerusalemu baramukikuza, bamwagiriza ivyaha bihambaye badashobora kuronkera ivyemezo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite