Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:27 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Haheze imyaka ibiri, Felisi asubirirwa na Porukiyo Fesito, ariko kubera Felisi yagomba kunezereza Abayuda, asiga adakuye Pawulo mw’ibohero.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Imyaka ibiri ishize, Porukiyo Fesito akūra Feliki. Maze Feliki agomvye kwikundisha Abayuda asiga Paulo akiboshwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:27
15 Referans Kwoze  

Kubera Fesito yagomba gushimisha Abayuda, aca abaza Pawulo ati: “Uriteguye kuduga i Yerusalemu kugira ngo uburanire imbere yanje hariya?”


Kubera bahamaze imisi myinshi, Fesito araronka akaryo ko kuganira n’uwo mwami ivya Pawulo. Aravuga ati: “Hano hari umugabo Felisi yasize ari imbohe.


Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro.


Inyuma y’imisi itatu Fesito ashitse i Kayisariya, aca aduga i Yerusalemu,


Mu ntumbero yo kunezereza abantu benshi bari aho, Pilato arekura Baraba. Atanga itegeko ko bashishagura Yesu, hanyuma aramutanga kugira ngo bamubambe.


Jewe ubu noba nkirondera kwemerwa n’abantu, aho kurondera kwemerwa n’Imana? Canke ubu noba nkirondera kunezereza abantu? Iyo mba nkirondera kunezereza abantu, simba ndi umukozi wa Kristo.


Agiripa abarira Fesito ati: “Iyaba atari yaramaze kwungururiza kwa Kayisari, yaca arekurwa.”


Pawulo aca amara imyaka ibiri yibana mu nzu akose, akama yakira abaza kumuraba bose.


Fesito arabishura ati: “Pawulo apfungiwe i Kayisariya, kandi nanje ndi mu gusubirayo vuba.


aca amubwira ati: “Nzokwumviriza urubanza rwawe abakwagiriza nibashika.” Aca ategeka ko Pawulo arindirwa ku kirimba kwa Herode.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite