Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Igihe bansanga mu rusengero, nari mu migirwa y’ukwihumanura. Nta bantu benshi twari kumwe kandi nta muvurungano wari uhari.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Nkiri muri vyo bansanga mu rusengero nihumanuye, ata bantu nkoranije, ata n’uruhōgo ruriho. Ariko hār’ Abayuda bamwe bavuye muri Asiya,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:18
7 Referans Kwoze  

Ico ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero bakagomba kunyica.


Aba bariko baranyagiriza ntibigeze basanga ndiko ndaharira n’umuntu n’umwe, canke ngo ngumure abantu haba mu rusengero, mu masinagogi, canke ahandi aho ariho hose muri ico gisagara.


Muri twebwe harimwo Abapariti, Abamedi, Abelamiti, n’abava i Mesopotamiya, i Yudaya i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya,


Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.


Jana na bo, ugirane na bo umugenzo w’ukwihumanura, kandi ubarihire n’amahera kugira ngo bimoshe. Gutyo abantu bose bazobona ko ivyo bakwumviseko atari vyo, ariko ko na we ubayeho witondera ivyagezwe.


Ni kuki munsambisha? Nimubaze abanyumvirije; barazi ivyo navuze.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite