Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:12 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Aba bariko baranyagiriza ntibigeze basanga ndiko ndaharira n’umuntu n’umwe, canke ngo ngumure abantu haba mu rusengero, mu masinagogi, canke ahandi aho ariho hose muri ico gisagara.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kandi ntibāsanze mpārīra n’umuntu n’umwe, canke nkoraniriza abantu kubakikiza, naho hoba mu rusengero canke mu masinagogi canke mu gisagara.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:12
6 Referans Kwoze  

Maze Pawulo na we ariregura, avuga ati: “Sinigeze ncumura ku vyagezwe vy’Abayuda, canke ku rusengero, canke kuri Kayisari.”


Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma.


Igihe bansanga mu rusengero, nari mu migirwa y’ukwihumanura. Nta bantu benshi twari kumwe kandi nta muvurungano wari uhari.


Twasanze uwu mugabo ari inkozi y’ikibi. Agumura Abayuda aho bari kw’isi yose akabatera kugarariza. Ni we arongoye idini ry’ubuzimire ry’Abanazareti,


Bagarutse aho abandi bigishwa bari, babona abantu isinzi babakikije kandi bamwe mu bigisha b’ivyanditswe ni ho bari bari baharira na bo.


Ni kuki munsambisha? Nimubaze abanyumvirije; barazi ivyo navuze.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite