Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 24:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 N’aho wotohoza, wosanga ata misi cumi n’ibiri iheze ngiye i Yerusalemu gusenga.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 kuk’ ushobora kumenya yukw imisi itarasāga icumi n’ibiri, uhereye aho nadūgiye i Yerusalemu gusengerayo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 24:11
8 Referans Kwoze  

Haciye imisi itanu, umuherezi mukuru Ananiya amanuka i Kayisariya ari kumwe n’abatware n’umucamanza yitwa Teritulo, bazana ibirego barega Pawulo kuri wa mukuru w’intara.


Bukeye Pawulo ajana natwe tuja kuraba Yakobo, kandi n’abandi bakuru b’ishengero ni ho bari bari.


Inyuma y’imyaka myinshi ndi mu mahanga, nagarutse i Yerusalemu nzaniye imfashanyo abakene, nje no gutanga ibimazi.


Wa mukuru w’abasoda aca ahamagara abakuru b’abasoda ijana babiri, ababwira ati: “Nimutegure abasoda amajana abiri, abagendera ku mafarasi mirongo irindwi, hamwe n’abandi amajana abiri bagwanisha amacumu, mwitegurire kuja i Kayisariya isaha zitatu z’ijoro.


Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”


Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite