Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:29 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 Nca nsanga bamwagiriza ibijanye n’ivyagezwe vyabo, ariko nta co nasanze kimwagira cotuma ashirwa mw’ibohero canke ngo yicwe.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Mbona yuko bamurega amajambo y’ivyagezwe vyabo, ariko kw ata co yarezwe gikwiye kumwicisha canke kumubohesha.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:29
12 Referans Kwoze  

Bavuye muri iyo sentare, bagenda baraganira, bavuga bati: “Uwu muntu nta co yakoze cotuma yicwa canke ngo ashirwe mw’ibohero.”


Ariko jewe nasanze ata kintu na kimwe yakoze cotuma yicwa, ariko kubera yamaze gusaba kwungururizwa kwa Kayisari, nahisemwo kuzomurungika i Roma.


Ariko ko numva ari ingorane y’amajambo, amazina n’ivyagezwe vyanyu, nimurwicire mwebwe nyene. Sinshobora guca imanza nk’izo.”


Bamaze gutohoza neza ivyanje, bipfuza kundekura kuko ata kibi na kimwe canyagira cari gutuma nicwa.


Nimba hari icaha na kimwe kinyagira cotuma nicwa, sinanse gupfa. Ariko nimba ivyo bariko baranyagiriza atari vyo, nta n’umwe afise uburenganzira bwo kundekurira kuri aba Bayuda. Nsavye kwungururiza kwa Kayisari.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite