Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:23 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Wa mukuru w’abasoda aca ahamagara abakuru b’abasoda ijana babiri, ababwira ati: “Nimutegure abasoda amajana abiri, abagendera ku mafarasi mirongo irindwi, hamwe n’abandi amajana abiri bagwanisha amacumu, mwitegurire kuja i Kayisariya isaha zitatu z’ijoro.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ahamagara babiri bo mu bagabisha b’abasoda ijana, arababarira, ati Ni mwitegure abasoda amajana abiri bo kuja i Kayisariya, n’abagendera ku mafarasi mirongwirindwi, n’ab’ amacumu amajana abiri, bahenge mw ijoro isaha zitatu bagende.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:23
8 Referans Kwoze  

Bashitse i Kayisariya, bashikiriza rya kete wa mukuru w’intara, bongera bamushikiriza na Pawulo.


Filipo aca asubira kubonekera muri Azoto, ahaca avuga Ubutumwa Bwiza mu bisagara vyose gushika ashitse i Kayisariya.


Harahiriwe abo bakozi shebuja azosanga bagiteramye bamurindiriye, naho yoza mu gicugu canke bugiye guca.


Buri hafi guca, Yesu aza aho bari agendagenda ku mazi.


Wa mukuru w’abasoda aca arungika wa musore, amwihanikirije ati: “Ntihagire n’umwe ubwira ko ibi wabimbwiye.”


Ku musi ukurikira, abasoda bagendera hasi basubira mw’ikambi, abagendera ku mafarasi baba ari bo babandanya baherekeza Pawulo.


Ba basoda baca bakora nk’uko bategetswe, bajana Pawulo mw’ijoro, bamushikana ahitwa Antipatiri.


ariko Lusiyasi umukuru w’abasoda araza amudushikura mu maboko ku nguvu,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite