Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Ntuvyemere kuko muri bo hari abagabo barenga mirongo ine bagomba kumutegera. Kandi basezeranye ko badasubira kurya canke ngo banywe bataramwica. Ubu bamaze kwitegura, barindiriye ko wemera gusa kumurungika.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 None rero ntuje kubumvira, kukw abantu babo basāga mirongwine bamuryamiye, barahiye bīsivye ko batazorya ntibanywe bataramwica; kandi none bariteguye, barorereye ic’ uribubemerere.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:21
11 Referans Kwoze  

nagenze ingendo nyinshi kandi ndende. Nahatswe gutwarwa n’inzuzi, nahatswe kwibwa, nahatswe kwicwa n’ubwoko bwanje, nahatswe kwicwa n’Abanyamahanga, nahatswe kwicirwa mu bisagara, nahatswe kwicirwa mu misozi, nahatswe kugwa mu kiyaga, nahatswe kwicwa n’abigira bene Data.


ku bwa benewacu b’Abayuda. Nopfuma mba ikivume ngatandukana na Kristo, nimba ivyo vyotuma abo mu bwoko bwanje bakizwa.


Maze binginga Fesito ngo abashimishe yimurire Pawulo i Yerusalemu, kuko bategura kumutegerera mu nzira ngo bamwice.


Nakoreye Umwami Imana nciye bugufi kandi ndira cane, nihanganira amageragezwa menshi avuye ku mitego y’Abayuda.


kugira ngo barabe ko bomufatira ku vyo yovuga.


Wa mukuru w’abasoda aca arungika wa musore, amwihanikirije ati: “Ntihagire n’umwe ubwira ko ibi wabimbwiye.”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite