Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 23:11 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Mw’ijoro, Umwami Yesu araza ahagarara i ruhande ya Pawulo, amubwira ati: “Humura! Nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni ko uzonshingira intahe n’i Roma.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ijoro ry’uwo musi, Umwami Yesu amuhagarara hejuru, ati Hūmura; nk’uko wanshingiye intahe i Yerusalemu, ni k’ukwiye kuzonshingira intahe i Roma.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 23:11
27 Referans Kwoze  

Inyuma y’ivyo, Pawulo, asunitswe na Mpwemu, aca afata ingingo yo kuja i Yerusalemu, aciye i Makedoniya no muri Akaya. Yavuga ati: “Mvuyeyo, ntegerezwa guca nja i Roma.”


Umusi umwe hari mw’ijoro, Umwami Imana abarira Pawulo mu ndoto ati: “Ntutinye! Bandanya uvuga, ntucereze,


Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.


Ariko Yesu arababwira ati: “Humura! Ni jewe; ntimugire ubwoba.”


Kuko umuntu wese hano, mbere n’abacunze ikirimba bose barimwo, barazi neza ko ndi mw’ibohero kubera Kristo.


Nuko haza abantu bamuzaniye umuntu akongataye ku nderuzo. Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Humura, mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”


mbona Umwami Yesu ambwira ati: ‘Ihute uve i Yerusalemu kuko abaho batazokwemera intahe unshingira.’


None rero, ngoberewe na Mpwemu Yera, ngiye i Yerusalemu, ariko sinzi ibizonshikira ndi yo.


Dawidi yaramuvuzeko ati: ‘Namye mbona Uhoraho imbere yanje. Kuko ari i buryo bwanje, sinzonyiganyizwa.


Ibi ndabibabwiye kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Muri iyi si muzohagirira amarushwa menshi, ariko nimuhumure jewe naranesheje isi.”


Sinzobasiga nk’impfuvyi; nzoza aho muri.


mubigishe gushira mu ngiro ivyo nabategetse vyose. Kandi mumenye ko ndi kumwe namwe imisi yose gushika ku muhero w’isi.”


Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.’


Uzomubera icabona co gushingira intahe ivyo wabonye n’ivyo wumvise imbere y’abantu bose.


Mbega sindi uwidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega siniboneye Yesu Umwami wacu amaso mu yandi? Mbega ntimuri ivyamwa vy’ibikorwa nakoreye Umwami?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite