Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:8 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Nanje ndabaza nti: ‘Uri nde ga Mwami?’ Rya jwi riranyishura riti: ‘Ndi Yesu w’i Nazareti, uwo uriko urahama.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nanje ndabaza, nt’ Uri nde ga Mwami? Aranyishura, ati Ndi Yesu Umunyanazareti, uwo urik’ urahīga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:8
16 Referans Kwoze  

Nanje ubwanje nahora niyumvira ko nkwiye gukora ibishoboka vyose ngo ngwanye izina rya Yesu Umunyenazareti.


Twaramwumvise avuga ko uwo Yesu w’i Nazareti azosambura urusengero yongere ahindure imigenzo Mose yadusigiye.”


Nuko rero nimumenye neza ibi, mwebwe hamwe n’ubwoko bwose bwa Isirayeli: uwu muntu ahagaze imbere yanyu yakize mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, uwo mwabamvye, ariko Imana ikamuzura mu bapfuye.


Ariko Petero aravuga ati: “Ifeza n’inzahabu nta vyo mfise, ariko ico mfise ndakiguha. Mw’izina rya Yesu Kristo Umunyenazareti, va hasi utambuke!”


Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mutabikoreye umwe muri aba bato, ni jewe mutabikoreye.’


baca baja kuba mu gisagara citwa Nazareti. Uko ni ko ivyo abavugishwa n’Imana bavuze vyashitse ngo: “Azokwitwa Umunyenazareti.”


Umubiri ni umwe n’aho ugizwe n’ibihimba vyinshi; kandi n’aho ibihimba vyawo ari vyinshi bigize umubiri umwe. N’umubiri wa Kristo ni uko.


Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’


Petero na we yishura ati: “Oyaye Mwami, ntibikabe! Kuko jewe ntigeze ndya ikintu na kimwe gihumanye.”


Maze ngwa hasi hanyuma numva ijwi rimbarira riti: ‘Sawuli! Sawuli! Uriko umpamira iki?’


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite