Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:21 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Aca arambwira ati: ‘Genda, nzogutuma kure, mu Banyamahanga.’ ”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Aranyishura, ati Genda, kuko nzogutuma kure ku banyamahanga.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:21
15 Referans Kwoze  

Ariko Umwami Yesu yishura Ananiya ati: “Genda, kuko uwo Sawuli ari igikoresho natoranije kugira ngo amenyekanishe izina ryanje mu Banyamahanga n’abami babo, ndetse no mu bwoko bwa Isirayeli.


Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.


bwo kuba intumwa ya Kristo Yesu mu Banyamahanga. Ndababwira Ubutumwa Bwiza kugira ngo ndabashikanire Imana nk’ikimazi cemerwa na yo, cejejwe na Mpwemu Yera.


Ni mwebwe Banyamahanga ndiko ndabwira kuko Imana yampamagariye kuba intumwa mu Banyamahanga. Ico gikorwa ndakinezererewe,


Kandi Imana yantoranirije kuba umuvuzi w’ubwo Butumwa Bwiza, nk’intumwa n’umwigisha.


Ariko nk’uko abavugishwa n’Imana bari barabivuze kandi nk’uko Imana Ihoraho yari yarabitegetse kuva kera, ubwo butumwa bwarahishuwe kugira ngo abanyamahanga aho bari hose, na bo bashobore kuyizera no kuyumvira.


Imana yangiriye ubuntu biciye muri we, impa kuba intumwa ku bw’icubahiro ciwe, kugira ngo nshobore gushikana Abanyamahanga ku kuyizera no kuyumvira.


Ariko abonye ko Abayuda bamuhaririza bakanamutuka, aca akunkumura impuzu ziwe, ababwira ati: “Amaraso yanyu azobe ku gatwe kanyu. Jewe kuri ivyo ndera. Uhereye ubu ngiye kwigisha Abanyamahanga.”


Bariko barasenga Imana bisonzesheje, Mpwemu Yera ababarira ati: “Ntoraniriza Baranaba na Sawuli, bankorere igikorwa nabahamagariye.”


kandi iryo ni ibanga nahishuriwe, nk’uko namaze kuvyandikako mu ncamake.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite