Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 22:20 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Kandi igihe amaraso ya Sitefano uwagushingira intahe yaseseka, ni ho nari, nemeza ko yicwa, mfatiye impuzu abariko baramwica.’

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Kandi hamwe amaraso y’uwagushingira intahe Stefano yava, nanje ni ho nari mpagaze, mbishimye, nsanze impuzu z’abāmwica.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 22:20
8 Referans Kwoze  

Na Sawuli ni ho yari ari, kandi yari ashigikiye ko Sitefano yicwa. Uwo musi haca haduka ihamwa rikomeye kw’ishengero ry’i Yerusalemu, maze abigishwa bose, kiretse intumwa, basanzarira i Yudaya n’i Samariya.


bamukwegera inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye. Vya vyabona bikura imitamana yavyo, biyirambika imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli.


Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.


Kandi naho bazi ko Imana icira abakora ivyo urubanza rwo gupfa, ntibashishikara kubikora gusa, ahubwo bashima n’abandi babikora.


Kandi narabona ko uwo mugore yari aborewe n’amaraso y’abera, amaraso y’abashingiye intahe Yesu. Ndamubonye ndatangara cane.


Kandi ivyo narabikoze i Yerusalemu. Nahawe ububasha n’abakuru b’abaherezi bwo gufata abizera no kubata mw’ibohero; kandi mu kubacira urwo gupfa, nari mu bavyemeza.


Muri ivyabona kandi mwemezanya n’ivyo ba sogokuruza banyu bakoze; bo bishe abavugishwa n’Imana, namwe mububakira imva.


Abari aho bose bashima ico ciyumviro, maze batoranya Sitefano, umuntu yari yuzuye ukwizera kandi yari yuzuye Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, Nikanori, Timoni, Parumena, na Nikola Umunyantiyokiya yinjiye mw’idini ry’Abayuda.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite