Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:7 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Nuko tubandanya urugendo kuva i Tiro, dushika i Putolemiya, aho twamaze umusi umwe turamutsa bene Data.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Natwe turangije urugendo rwo kuva muri Tiro, dufata i Putolemayi, turamutsa bene Data, tumarana na bo umusi umwe.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:7
13 Referans Kwoze  

Mundamukirize abarongozi banyu bose n’abizera bose. Abizera bo mu Butaliyano barabaramutsa.


Dushitse i Sirakusi tuhamara imisi itatu.


Haheze imisi mike umwami Agiripa ashika i Kayisariya ari kumwe na Berenise baje gukeza Fesito.


Pawulo arabaramutsa, abiganira ido n’ido ry’ivyo Imana yamukoresheje mu Banyamahanga mu gikorwa ciwe.


Tuhamaze imisi, haza uwuvugishwa n’Imana yitwa Agabo, yari amanutse ava i Yudaya.


ashika i Kayisariya. Avayo aduga i Yerusalemu kuramutsa ishengero, hanyuma amanuka muri Antiyokiya h’i Siriya.


Yari yamye atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode yatwara.


Nimwaramutsa incuti zanyu gusa, ni igiki muzoba murushije abandi? Mbega abatizera Imana bo ntibabigenza batyo?


Muri iyo misi, Petero ahagarara hagati y’abizera (bashika nk’ijana na mirongo ibiri),


Dushitse hafi y’izinga Kupuro, turisiga i bubamfu, tugenda dutumbereye i Siriya, maze dushika i Tiro, aho ubwato twarimwo bwategerezwa kwururukiriza ivyo bwari butwaye.


Dushitse i Yerusalemu, bene Data batwakirana umunezero.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite