Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:40 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Wa mukuru w’abasoda yemerera Pawulo, na we ahagarara ku ngazi, arabamama ngo batekane. Habaye agacerere, aca avugana na bo mu rurimi rwabo rw’Igiheburayo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Amukundiye, Paulo ahagarara ku ngazi y’amabuye, amama abantu: hamaze kuba agacerere rwose, ababarira mu Giheburayo,

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:40
16 Referans Kwoze  

Petero aca arabamama ngo batekereze, aca abiganira ido n’ido ukuntu Umwami Imana yamukuye mw’ibohero. Arababwira ati: “Murabibwira Yakobo n’abandi bene Data.” Aca ava aho aragenda.


Twese duca tugwa hasi, maze numva ijwi rimbarira mu Giheburayo riti: ‘Sawuli, Sawuli, uriko umpamira iki? Nta wukubita umugere ku muhunda.’


Bumvise avugana na bo mu Giheburayo, baca barahora, haba agacerere kenshi. Pawulo aca arabandanya ati:


Aho i Yerusalemu, hafi y’irembo ry’intama, hari ikidengeri citwa Betesida mu rurimi rw’Igiheburayo, cari gikikujwe n’amabaraza atanu.


Pawulo ashitse ku ngazi z’amabuye ziduga mw’ikambi, imigumuko iba myinshi cane, bica biba ngombwa ko abasoda bamutwara bamureruye.


Bamwe mw’ikoraniro bumvisha Alegizandere, uwo Abayuda bashize imbere, ivyariko biraba. Nuko na we arabamama kugira ngo asigure ibiriko biraba.


Maze zica zikoraniriza ba bami mu kibanza citwa Haramagedoni mu rurimi rw’Igiheburayo.


Umwami wazo yari umumarayika w’i kuzimu, izina ryiwe mu Giheburayo ni Abadoni, mu Kigiriki ni Apoluwoni, bisigura Umuranduzi.


Pawulo ahagurutse, arabamama ngo bacereze, arababwira ati: “Yemwe Bisirayeli namwe Banyamahanga mwubaha Imana, muntege amatwi!


Muri iyo misi, igitigiri c’abigishwa caguma ciyongera. Abayuda bavuga Ikigiriki bari muri bo bidogera Abayuda b’imvukira ko birengagiza abapfakazi babo iyo batanga imfungurwa zo ku musi ku musi.


Abayuda benshi barasomye ico candiko, kuko aho Yesu yari abambwe hari hegereye igisagara, kandi ico candiko cari canditswe mu Giheburayo, mu Kilatini no mu Kigiriki.


Yesu asohoka yikoreye umusaraba wiwe, ajanwa ahantu hitwa Nyagihanga (mu Giheburayo hitwa Gologota).


Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, ahantu hitwa Umusezero w’Amabuye (mu rurimi rw’Igiheburayo hitwa Gabata).


Baca bamanika icandiko hejuru yiwe kivuga ngo: uwu ni umwami w’abayuda.


Ababa i Yerusalemu bose bamenye iyo nkuru, baca bita iryo tongo Akelodama, bisobanurwa ngo Itongo ry’amaraso.)


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite