Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:4 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Twururutse tuhasanga abigishwa baho, duca tumarana na bo imisi indwi. Baca bavugishwa na Mpwemu Yera ko Pawulo adakwiye kubandanya urwo rugendo ruja i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Tuhasanze abigishwa, dusībiray’ imisi ndwi: na bo bavugishijwe na Mpwemu babarira Paulo ngo yoye kuja i Yerusalemu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:4
11 Referans Kwoze  

Aho twahasanze bene Data, baca baratwakira badusaba ko twomarana na bo imisi indwi. Hanyuma turabandanya dushika i Roma.


Apolo akiri i Korinto, Pawulo afata inzira ica mu gihugu hagati, aragenda ashika muri Efeso, ahasanga abigishwa.


Amubonye, aca amujana muri Antiyokiya, bompi bamarana umwaka n’ishengero, bigisha abantu benshi cane. Aho muri Antiyokiya ni ho abigishwa bitiwe ubwa mbere Abakristo.


Igisagara cose canke imihana muzokwinjiramwo, muze murondere uwemera kubakira hanyuma muze mugume mu nzu iwe.


Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,


Igihe yaza i Roma, yarandondeye hose gushika arantora.


Kandi jewe ubwanje nzomwereka imibabaro yose akwiye gucamwo ku bw’izina ryanje.”


Bamwe mu bigishwa b’i Kayisariya baraduherekeza badushikana kwa Munasoni, aho twategerezwa kurara. Uwo Munasoni yava i Kupuro kandi yari umwe mu ba mbere bizeye Kristo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite