Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:39 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

39 Pawulo arishura ati: “Ndi Umuyuda w’i Taruso muri Kilikiya, umunyagisagara kidasanzwe. Ndakwinginze unyemerere ngire ico mbwira aba bantu.”

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

39 Paulo aramwishura, ati Nd’ Umuyuda, umuntu w’i Taruso, igisagara c’i Kilikiya kitayoberanye: none ndakwinginze unkundire ico mbarira abantu.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:39
13 Referans Kwoze  

“Ndi Umuyuda, navukiye i Taruso muri Kilikiya, ariko nakuriye hano i Yerusalemu, nigishwa na Gamaliyeli kwitondera ivyagezwe vya ba sogokuruza mu kuri kwavyo kwose. Nagize ishaka ryinshi ryo kwubaha Imana nk’uko namwe muri hano uwu musi muyubaha.


Umwami Yesu aramubwira ati: “Haguruka uje kw’Ibarabara Rigororotse, ushitse i muhira kwa Yuda, ubaze umugabo yitwa Sawuli ava i Taruso, kuko ariko arasenga.


Ariko abantu bamwebamwe bo mw’Isinagogi ry’abiyita Abagurano bidegemvya, ari bo Bayuda b’i Kurene n’abo muri Alegizanderiya, bafatanije n’abava mu ntara za Kilikiya na Aziya, bahagurukira rimwe guhaririza Sitefano.


Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.


Wa mukuru w’intara arisomye, aca abaza Pawulo iyo ava. Yumvise ko ava i Kilikiya,


Uwo mugabo ndabarungikiye yari yafashwe na bamwe mu Bayuda, kandi bagira bamwice, maze jewe n’ingabo twari kumwe turahashika turamutabara, kuko nari namenye ko ari Umuroma.


Abasoda bashikanye Pawulo mw’ikambi, abaza wa mukuru w’abasoda ati: “Noshobora kugira ico ndababaza?” Na we aramwishura ati: “Urazi Ikigiriki?


Ariko Pawulo na Silasi baramwishira bati: “Badutonaguriye imbere y’abantu tutanaburanye kandi urubanza rwadutsinze kandi turi Abaroma, bagirako baduta mw’ibohero, none bagomba kuturekura mu mpisho? Ntibishoboka! Nibaze bo nyene ubwabo, babe ari bo batwirekurira.”


Aca agendagenda muri Siriya no muri Kilikiya, akomeza amashengero yaho.


Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.


Ariko abizera babimenye, baca bamumanukana i Kayisariya, bamurungika i Taruso.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite