Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:37 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 Abasoda bashikanye Pawulo mw’ikambi, abaza wa mukuru w’abasoda ati: “Noshobora kugira ico ndababaza?” Na we aramwishura ati: “Urazi Ikigiriki?

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 Bagira bamushikane mw iboma, Paulo abaza uwo mukuru w’abagabisha, ati Wonkundira ijambo nkubarira? Na we aramubaza, at’ Urazi Ikigiriki?

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:37
8 Referans Kwoze  

Bamwe mw’isinzi ryari aho bagasemerera bavuga bimwe, abandi bakavuga ibindi. Kubera ko uwo mukuru w’abasoda atashobora kumenya ukuri bitumwe n’urwamo rw’abantu, ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi.


Pawulo arabaramutsa, abiganira ido n’ido ry’ivyo Imana yamukoresheje mu Banyamahanga mu gikorwa ciwe.


Pawulo agomvye guseruka imbere y’ikoraniro, abigishwa baramwankira.


kuko nzobaha amajambo n’ubwenge bizotuma abababuranya badashobora kubahaririza canke ngo babahinyuze.


wa mukuru w’abasoda aca ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi, bakamusambisha bamukubita kugira ngo bamenye igituma abantu bose bahagurukiye rimwe kumwiyamiriza.


Impari ziba nyinshi gushika aho wa mukuru w’abasoda agira ubwoba, yibaza ko bahava batabagura Pawulo. Aca ategeka abasoda ngo bamanuke bamunyakure, bamuhungishirize mw’ikambi.


Ariko umwishwa wa Pawulo yumva iyo nama, aca yiruka kw’ikambi abibarira Pawulo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite