Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:34 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Bamwe mw’isinzi ryari aho bagasemerera bavuga bimwe, abandi bakavuga ibindi. Kubera ko uwo mukuru w’abasoda atashobora kumenya ukuri bitumwe n’urwamo rw’abantu, ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Abo mw ishengero barayogora, bamwe ukwabo abandi ukwabo: abujijwe n’uruyogoyogo kumenya ukuri, avuga ko bamujana mw iboma.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:34
8 Referans Kwoze  

Impari ziba nyinshi gushika aho wa mukuru w’abasoda agira ubwoba, yibaza ko bahava batabagura Pawulo. Aca ategeka abasoda ngo bamanuke bamunyakure, bamuhungishirize mw’ikambi.


Ariko ikoraniro rirazazanirwa kuko bamwe bayogora bavuga ibi, abandi bakayogora bavuga ibindi. Ndetse benshi muri bo ntibari bazi n’igituma bari ngaho.


Ariko umwishwa wa Pawulo yumva iyo nama, aca yiruka kw’ikambi abibarira Pawulo.


wa mukuru w’abasoda aca ategeka ko Pawulo ajanwa mw’ikambi, bakamusambisha bamukubita kugira ngo bamenye igituma abantu bose bahagurukiye rimwe kumwiyamiriza.


Abasoda bashikanye Pawulo mw’ikambi, abaza wa mukuru w’abasoda ati: “Noshobora kugira ico ndababaza?” Na we aramwishura ati: “Urazi Ikigiriki?


Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.


Ariko nabuze ikintu gifadika nandikira Kayisari cerekeye uwu muntu. Ni co gituma namuzanye ngaha imbere yanyu mwese, na canecane imbere yawe mwami Agiripa, kugira ngo tumaze gutohoza ivyiwe, ndonke ico nandikira Kayisari.


Ku musi ukurikira, abasoda bagendera hasi basubira mw’ikambi, abagendera ku mafarasi baba ari bo babandanya baherekeza Pawulo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite