Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:33 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

33 Wa mukuru w’abasoda aca araseruka, aramufata, ategeka ko bamubohesha iminyororo ibiri, hanyuma abaza uwo ari we n’ico yakoze.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 Maz’ uwo mukuru w’abagabisha arabashikīra, aramufata, avuga ko bamufatisha iminyororo ibiri, abaza uw’ ari we, n’ic’ akoze ic’ ari co.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:33
18 Referans Kwoze  

ubwo mbereye umuserukizi mw’ibohero. Munsengere ngo ndabuvuge ntatinya, nk’uko bikwiye.


Ashitse aho turi, afata umukanda wa Pawulo, awibohesha amaboko n’amaguru, avuga ati: “Mpwemu Yera avuze ati: ‘Uku ni ko Abayuda b’i Yerusalemu bazoboha nyene uwu mukanda, hanyuma bamurekurire mu maboko y’Abanyamahanga.’ ”


Ico nzi gusa ni uko, mu bisagara vyose ncamwo, Mpwemu Yera aguma amburira ko umunyororo n’amakuba bindindiriye.


Buca Herode amucira urubanza, Petero yari asinziriye, aryamye hagati y’abasoda babiri, abohesheje iminyororo ibiri. Abandi basoda bari baraririye ku muryango w’ibohero.


Ni co gituma nabinginze ngo muze kugira ngo tuganire, ndabamenyeshe ko mbohewe ivyizigiro ubwoko bw’Abisirayeli bwari bwiteze.”


Abagira bamusambishe baca basubira inyuma ubwo nyene. Na wa mukuru w’abasoda agira ubwoba kuko yabohesheje Pawulo, kandi ari Umuroma.


gushika aho mbohwa nk’umwicanyi. Ariko ijambo ry’Imana ryo ntiribohwa.


Ariko Imana igirire ubuntu abo mu nzu kwa Onesiforo, kuko yangendeye kenshi akandemesha. Ntiyigeze aterwa isoni n’uko ndi mw’ibohero.


Pawulo asubizayo ati: “Umwanya waba muto canke munini, nta co bitwaye. Ico nsaba Imana n’uko atoba wewe gusa, ariko n’abariko baranyumviriza bose uwu musi bomera nkanje, uretse iyi minyororo.”


Nababwiye ko bitari mu migenzo y’Abaroma gucira urubanza umuntu adahawe umwanya wo kuburana n’abamwitwariye ngo aronke akaryo ko kwiregura ku vyo bamwagiriza.


Bukeye bwaho, uwo mukuru w’abasoda akoranya abakuru b’abaherezi n’abagize Inama Nkuru y’Abayuda. Yashaka kumenya neza ico Abayuda bagiriza Pawulo. Nuko aca aramubohora, amuhagarika imbere yabo.


Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite