Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:32 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Aca akoranya bamwe mu batwara imigwi y’abasoda ijana n’abo batwara, baca banyuragirana hagati mu bantu. Abariko batera imigumuko babonye uwo mukuru w’abasoda n’ingabo ziwe, baca barahagarika gukubita Pawulo.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Aca ajana abasoda n’abagabisha babo, abamanukira yiruka. Na bo babonye uwo mukuru w’abagabisha n’abasoda, basigaho gukubita Paulo.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:32
8 Referans Kwoze  

Uwo mugabo ndabarungikiye yari yafashwe na bamwe mu Bayuda, kandi bagira bamwice, maze jewe n’ingabo twari kumwe turahashika turamutabara, kuko nari namenye ko ari Umuroma.


Nuko bemera impanuro ziwe, bahamagaza za ntumwa, barazikubitisha, bazitegeka kudasubira kwigisha muri iryo zina rya Yesu, baca barabarekura barataha.


kandi yagerageje no guhumanya urusengero, maze turamufata. [Twashaka kumucira urubanza twisunze ivyagezwe vyacu,


Nca ndamwishura nti: ‘Mwami, aba bantu barazi ko naciye mu masinagogi yose ngata mw’ibohero nkongera ngakubitisha abakwizera.


Nabo baca basimbira kuri Sositene umukuru w’isinagogi, bamukubitira aho nyene imbere y’inzu y’ubucamanza. Ariko Galiyo ntiyavyitaho.


Nuko wa mugwi w’abasoda n’umukuru wabo hamwe na ba barinzi b’urusengero bafata Yesu baramuboha,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite