Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:31 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

31 Bagira bamwice, inkuru ica ishikira umukuru w’abasoda b’Abaroma ko igisagara ca Yerusalemu cose kiri mu mugumuko.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Bakirondera ingene bamwica, inkuru ishika ku mukuru w’abagabisha b’abasoda yukw abo muri Yerusalemu bose bavurunganye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:31
19 Referans Kwoze  

Ariko bamwe mu Bayuda bibatera ishari, baca bakoranya abantu b’imburakimazi babakuye mu mabarabara yaho, bagira umugwi munini, hanyuma batangura gutera imigumuko mu gisagara. Nuko binjira mu nzu kwa Yasoni barondera Pawulo na Silasi, kugira ngo babajane imbere y’ikoraniro.


Ku musi ukurikira, Agiripa na Berenise baza bari kumwe n’abagendanyi benshi, binjira muri sentare baherekejwe n’abasoda bakurubakuru hamwe n’abubahwa bo muri ico gisagara. Fesito aca ategeka ko bazana Pawulo.


Maze Felisi, yari asanzwe azi neza ivy’Inzira y’Umwami Yesu, aca yungururiza urubanza ku rindi sango, avuga ati: “Lusiyasi umukuru w’abasoda niyaza nzoheza ndabacire urubanza.”


kandi yagerageje no guhumanya urusengero, maze turamufata. [Twashaka kumucira urubanza twisunze ivyagezwe vyacu,


Pawulo aca abarira umwe mu bakuru b’abasoda ijana ati: “Jana uwu musore ku mukuru w’abasoda; arafise ico agomba kumubwira.”


Gushika kuri ayo majambo, abantu bari bakiriko baramwumviriza. Maze baca batangura gushira urwamo hejuru bati: “Mukure kw’isi! Uwo ntakwiye kubaho!”


Wewe nturi wa Munyegiputa yatera umugararizo mu misi iheze, agatwara mu bugaragwa abicanyi ibihumbi bine?”


Erega turashobara kwagirizwa imigumuko kubera ibibaye uno musi. Kandi nta co twokwireguza kuko nta kintu na kimwe gifadika cabitumye.”


I Kayisariya hari umugabo yitwa Koruneliyo, yari umugabisha w’umuce w’ingabo bita Umuce w’Abataliyano.


Nuko wa mugwi w’abasoda n’umukuru wabo hamwe na ba barinzi b’urusengero bafata Yesu baramuboha,


Bazobirukana mu masinagogi, kandi igihe kiraje aho abazobica bazokwibaza ko bariko bakorera Imana.


Barumvikana bati: “Ntidukwiye kumufata mu gihe c’imisi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”


Barasezerana bati: “Ariko ntidukwiye kumufata mu misi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”


Abasoda ba Pilato batwara Yesu aho umutware w’Umuroma yakorera, hanyuma begeranya abandi basoda bagize umugwi wabo.


Ico ni co catumye Abayuda bamfatira mu rusengero bakagomba kunyica.


ariko Lusiyasi umukuru w’abasoda araza amudushikura mu maboko ku nguvu,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite