Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:3 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Dushitse hafi y’izinga Kupuro, turisiga i bubamfu, tugenda dutumbereye i Siriya, maze dushika i Tiro, aho ubwato twarimwo bwategerezwa kwururukiriza ivyo bwari butwaye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Tubonye i Kupuro tuhasiga i bumoso, tuja i Siriya, dufata muri Tiro: kukw ari ho bari bagabiye gukūrira ibintu mu bgato.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:3
22 Referans Kwoze  

Tuvuye aho, duca tugendera hafi y’izinga rya Kupuro kugira ngo twikingire umuyaga kuko wari uduturutse imbere.


Bamwe mu bigishwa b’i Kayisariya baraduherekeza badushikana kwa Munasoni, aho twategerezwa kurara. Uwo Munasoni yava i Kupuro kandi yari umwe mu ba mbere bizeye Kristo.


Yari yamye atumvikana n’abantu b’i Tiro n’i Sidoni, maze na bo baja hamwe bamusaba umubonano. Bafashijwe na Bulasito, umukuru w’abategura icumba c’umwami, basaba kugiranira amasezerano y’amahoro, kuko ivyo bihugu vyasumira mu bwami Herode yatwara.


Nk’akarorero, Yosefu, Umulewi yava i Kupuro, uwo intumwa zita Baranaba (risobanura ngo Umuntu yirura),


Nuko inkuru ziwe zikwiragira hose, gushika no muri Siriya. Bamuzanira abarwayi bose: abafise ububabare butandukanye, ababoshwe n’abadayimoni, abarwaye intandara, hamwe n’abatikakaza kubera bababara mu mubiri; bose arabakiza.


Inyuma y’ivyo, Pawulo amara igihe aba i Korinto, hanyuma asigayo bene Data, afata ubwato aja muri Siriya, aherekejwe na Pirisila na Akwilasi. Imbere yo gufata urugendo, Pawulo yabanje guca i Kenkireya aho yimweshereje umushatsi kubera isezerano yari yarasezeranye.


Aca agendagenda muri Siriya no muri Kilikiya, akomeza amashengero yaho.


Nuko haba ukutumvikana gukomeye, bituma batandukana. Baranaba ajana na Mariko, bafata ubwato baja i Kupuro.


Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.


Nuko baragenda batumwe na Mpwemu Yera, bamanuka i Seluwukiya, baca bafata ubwato buja mw’izinga rya Kupuro.


Nuko abari barasabagiye kubera ihamwa ryari ryatanguranye n’urupfu rwa Sitefano baragenda gushika i Foyinika, i Kupuro n’i Antiyokiya, babwira ijambo ry’Imana Abayuda bonyene.


Uzobona ibara, yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.


Urwo rwari urusansuma rwa mbere rubaye kandi ico gihe Kuriniyusi yatwara intara ya Siriya.


“Uzobona ibara yewe Korazini! Uzobona ibara yewe Betesayida! Kuko iyo ibitangaza vyakorewe iwanyu bikorerwa i Tiro n’i Sidoni, abaho baba barihanye kuva kera, bakambara amagunira, bakisiga n’iminyota.


Tuhashitse tuhasanga ubwato buja i Foyinike, duca turabwurira turagenda.


Nuko tubandanya urugendo kuva i Tiro, dushika i Putolemiya, aho twamaze umusi umwe turamutsa bene Data.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite