Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:22 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 None tubigenze dute? Nta nkeka bazokwumva ko waje.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Non’ icobimara n’iki? Ntibazobura kwumva ko waje.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:22
6 Referans Kwoze  

Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero, bari kumwe n’ishengero ryose, baca batora bamwe mu banyeshengero, babarungika i Antiyokiya baherekeje Pawulo na Baranaba. Nuko batoranya Yuda ari we Barusaba, na Silasi, bari abarongozi mu bandi bizera.


Ishengero ryose rica riracereza, bumviriza Pawulo na Baranaba, na bo bababwira ivy’ibitangaza n’utwumiza Imana yabakoresheje mu Banyamahanga.


Ariko ikoraniro rirazazanirwa kuko bamwe bayogora bavuga ibi, abandi bakayogora bavuga ibindi. Ndetse benshi muri bo ntibari bazi n’igituma bari ngaho.


Ariko bumvise ko wigisha Abayuda bose baba mu Banyamahanga ngo bave mu vyagezwe vya Mose, kandi ngo ntibakebe abana babo, canke ngo babeho nk’uko imigenzo y’Abayuda ibitegeka.


Turagusavye rero ukore ico tukubwira. Hari abagabo bane bari kumwe natwe bagize isezerano imbere y’Imana.


None ndabigenze gute? Nzosengesha impwemu yanje, ariko nzosengesha n’ubwenge. Nzoririmbisha impwemu yanje, ariko kandi nzoririmbisha n’ubwenge bwanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite