Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 21:18 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Bukeye Pawulo ajana natwe tuja kuraba Yakobo, kandi n’abandi bakuru b’ishengero ni ho bari bari.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Bukeye bg’aho Paulo yinjirana natwe kwa Yakobo, abakuru bose ni ho bāri bari.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 21:18
12 Referans Kwoze  

Nta yindi ntumwa twabonanye, kiretse Yakobo mwene nyina w’Umwami wacu.


Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.


Baheje kuvuga, Yakobo aca afata ijambo, aravuga ati: “Bene Data, nimuntege amatwi.


Nuko barabishitsa, barungikira infashanyo zabo abakuru b’ishengero ry’i Yerusalemu, zitwawe na Baranaba na Sawuli.


Jewe Yakobo, umukozi w’Imana n’uw’Umwami Yesu Kristo, Ndabaramukije mwebwe abo mu miryango cumi n’ibiri mwasanzariye mu mahanga.


Tukiri i Mileto, Pawulo aca atumako abakuru b’ishengero ryo muri Efeso, kugira ngo baze babonane.


Maze babarungikana ikete ryavuga ritya: Twebwe bene So, intumwa n’abakuru b’ishengero, Turabaramukije mwebwe abanyamahanga bizera bo muri Antiyokiya, i Siriya n’i Kilikiya.


Nuko intumwa n’abakuru b’ishengero barakorana bigira hamwe ico kibazo.


Maze Pawulo na Barunaba binjira mu bihari bikomeye n’abo bantu. Nuko ishengero rica rirungika Pawulo na Baranaba, baherekejwe n’abandi bizera b’iryo shengero, ngo baduge i Yerusalemu, kugira ngo bashikirize ico kibazo intumwa n’abakuru b’ishengero.


Petero aca arabamama ngo batekereze, aca abiganira ido n’ido ukuntu Umwami Imana yamukuye mw’ibohero. Arababwira ati: “Murabibwira Yakobo n’abandi bene Data.” Aca ava aho aragenda.


Aya ni yo mazina y’abigishwa biwe cumi na babiri: uwa mbere ni Simoni, yongera akitwa Petero, hamwe na mwene nyina Andereya, hagakurikira Yakobo mwene Zebedayo, na mwene nyina Yohana;


N’aho wotohoza, wosanga ata misi cumi n’ibiri iheze ngiye i Yerusalemu gusenga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite