Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:9 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Maze umusore yitwa Eyutuko yari yicaye kw’idirisha, aremerwa n’itiro ryinshi Pawulo ariko arigisha. Amaze gusinzira cane, arakoroka avuye ku nzu yo hejuru igira gatatu, bamutora yapfuye.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kandi mw idirisha hari hicaye umusore yitwa Eyutuko, aremērwa n’itiro ryinshi; maze Paulo arushirije gutevya mu majambo, itiro riramuremēra, arakoroka avuye mu nzu yo hejuru ya gatatu, bamuyora ahwereye.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:9
9 Referans Kwoze  

Niyaza giturumbuka, ntaze asange musinziriye.


Maze haca haza Abayuda bari bavuye i Antiyokiya no muri Ikoniyo, bosha abari aho bose, batera amabuye Pawulo, bamukwegera inyuma y’igisagara bibwira ko yapfuye.


Ya mpwemu ihumanye ivuza induru, ijegeza cane wa mwana, hanyuma imuvamwo. Uwo mwana aca amera nk’uwupfuye, kandi benshi bavuga bati: “Arapfuye.”


Ku mugoroba w’umusi w’Isabato duhurira hamwe ngo dusangire ingaburo y’Umwami, hanyuma Pawulo arabigisha gushika mu gicugu kuko bwaca agenda.


Icumba co hejuru twari twakoraniyemwo, carimwo amatara menshi.


Maze Pawulo arururuka, amwubamako, aramubumbatira, avuga ati: “Ntimuhagarike imitima, ni muzima!”


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite