Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyakozwe 20:6 - Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Natwe tuva i Filipi inyuma y’imisi mikuru y’imitsima itarimwo umwambiro, tubasanga i Tirowa haheze imisi itanu, duca tuhamara imisi indwi.

Gade chapit la Kopi

Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Natwe tuvuduka i Filipi turi mu bgato hanyuma y’imisi y’imitsima itambiwe, tubasanga i Tirowa ku musi ugira gatanu, tumaray’ imisi ndwi.

Gade chapit la Kopi




Ivyakozwe 20:6
18 Referans Kwoze  

Abonye binejereje Abayuda, afata na Petero. Ivyo vyabaye mu gihe c’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro.


Tuvuye aho, tuja i Filipi, igisagara gikuru c’i Makedoniya cari carigaruriwe n’Abaroma. Ico gisagara tukimaramwo imisi.


Niwaza uzonzanire ikoti y’imbeho nasize kwa Karupo i Tirowa, n’ibitabu vyanje, na canecane imizingo y’ibitabu.


Nk’uko mubizi, twari twabanje kubabarizwa turongera ducokorerwa i Filipi, ariko Imana iduha gushira ubwoba, tubabwira Ubutumwa Bwiza naho twariko turagwanywa bikomeye.


Jewe Pawulo na Timoteyo abakozi ba Kristo Yesu, Turabandikiye mwese abera bo muri Kristo Yesu muri i Filipi, hamwe n’abarongozi b’ishengero n’abadiyakoni bose:


Aho twahasanze bene Data, baca baratwakira badusaba ko twomarana na bo imisi indwi. Hanyuma turabandanya dushika i Roma.


Bukeye turabandanya dushika i Kayisariya, dushikira kwa Filipo umuvugabutumwa, umwe muri bamwe ndwi batoranywa i Yerusalemu ngo bakore igikorwa co kugaburira imfungurwa abapfakazi.


Twururutse tuhasanga abigishwa baho, duca tumarana na bo imisi indwi. Baca bavugishwa na Mpwemu Yera ko Pawulo adakwiye kubandanya urwo rugendo ruja i Yerusalemu.


Nuko baca baca i Musiya bamanuka i Tirowa.


Pawulo amaze kwerekwa ivyo, duca turitegura ubwo nyene tuja i Makedoniya, kuko twari dutahuye neza ko Imana iduhamagariye kuja kuvugayo Ubutumwa Bwiza.


Maze abo baba baragenda, baturindirira i Tirowa.


Pawulo aca ahitamwo kubandanya adahagaze muri Efeso, kuko yanka kumara uwundi mwanya muri Aziya. Yariko yihutira ko, hamwe bimushobokeye, yoshika i Yerusalemu ku musi wa Pentekoti.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite