37 Bose baraturikisha bararira, bamusezera bamugumbira.
37 Bose bararira cane, bagwa Paulo mw izosi, baramugumbira:
Nama nibuka amarira yawe igihe twatandukana, bikantera kwipfuza gusubira kukubona kugira ngo nuzure umunezero.
Izobahanagura amosozi yose ku maso yabo. Nta rupfu canke kugandara, nta kurira canke kubabara bizoba bikiriho, kuko ivya kera bizoba bikuweho.”
Muturamukirize bene Data bose n’ukugumbirana kwera.
Muramukanye mu kugumbirana kwera.
Bene Data bose turi kumwe hano barabatasha. Muramukanye mu kugumbirana kwera.
Muramukanye mu kugumbirana kwera. Amashengero yose ya Kristo arabatasha.
Nuko afata akayira aja kwa se. Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.
Kuko Umwagazi w’intama ari ku ngoma ari we azobabera umwungere, azobaha ku mazi y’ubugingo. ‘Kandi Imana izobahanagura amosozi yose ku maso yabo.’”